Uko wahagera

Reta y'Uburundi Yahagaritse Amwe mu Masosiyete Yimba Ubutare


Umushikiranganji w’ubutare n’agataka yandikiye amasosiyete atandukanye ayabwira ko amasezerano bagiranye na Reta ahagaritswe.

Umushikiranganji Ibrahim Uwizeye yanditse ko yabisabwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu.

Mu masosiyete yahagaritswe harimwo Rainbow, isosiyete y'Abongereza yimba ubutare bwa “Terres Rares” ahitwa mu Gakara mu Ntara ya Bujumbura.

Iyo sosiyete yagirizwa ko itubahirije amasezerano yo kwimba ubutare bwa “Terres rares”, kubudandaza no guterera mu kigega ca Reta.

Ayo makosa umushikiranganji wa mbere yaheruka kuyabwira abashingamateka. Alain Guillaume Bunyoni, yemeje ko amasosiyete acukura ubutare cane cane “Terres Rares” yahombeje igihugu mu myaka itanu iheze.

Gabriel Rufyiri atwara Ishirahamwe OLUCOME rigwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya Reta, yabwiye Ijwi ry'Amerika ko igihugu gihombera uburyo bwinshi mu masoko ya reta atangwa hadakurikijwe amategeko.

Umushikiranganji wa mbere na we yemeza ko ata biharuro bihari kanuni vyerekana ingene reta yungutse kubera ico gisata c’ubutare n’inzahabu. Avuga ko harimwo uruhondo, kandi ko abakora muri ico gisata bakorera mu gifuri.

Abarwanya ibiturire na bo bifuza ko ugutanga amasoko ya reta cane cane ay’ubutare vyosubirwamwo maze amategeko agakurikizwa ku neza y’igihugu.

Isosiyete Rainbow yishuye umushikiranganji ko yemeye ingingo yafatiwe. Gusa, irahakana ko yahombeje reta, nyabuna ikavuga ko na yo nyene yakoze ihomba.

Uburundi bwatanguye kwimba ubutare bwa “Terres Rares” mu mwaka w’2015.

Ikinyamakuru citwa statista.com candika cane ku butare, cerekana ko mu mwaka w’2019, Uburundi bwari mu bihugu 9 vya mbere kw’isi birimwo “Terres Rares” nyinshi, muri Afrika kikaza mu kibanza ca mbere.

Abarwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya reta batangazwa n’ingene ico kibanza ciza kw’isi kidatuma Uburundi buharonkera amafranga menshi y’agaciro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG