Uko wahagera

Reta ya DRC Yegeka Igitero co muri Parike ya Virunga kuri FDLR


Umwe mu basirikare ba DRC akizura parike ya Virunga
Umwe mu basirikare ba DRC akizura parike ya Virunga

Abategetsi ba Republika ya demokarasi ya Kongo basubiye kwagiriza abarwanya ubutegetsi bw’U Rwanda bo mu murwi FDLR, ko bishe abakozi 12 bajejwe gukingira parike ya Virunga hamwe n’abandi bantu 5 muri iyo parike.

Aguru Mamba ayoboye inteko zijejwe gukingira ibibanza birimwo inyamaswa mu gihugu ca Kongo avuga ko bafise amakuru ntasuburwako ko ico gitero cagabwe na FDLR. Ni igitero cagabwe kw'itariki ya 24 z’ukwezi kwa kane uyu mwaka.

Abayoboye umurwi FDLR bamiriye kure ivyo vyagiriji, bavuga ahubwo ko Reta y'u Rwanda ari yo yakigavye.

Abakozi 176 bajejwe gukingira parike ya Virunga muri ino myaka 20 iheze baramaze guhitanwa n'ibitero vy'abitwaje ibirwanisho. Iyo parike ibarizwamwo ingunge zitari nke, ikingiwe na Unesco.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG