Uko wahagera

Reta ya Cadi Yagiriye Imbabazi Abatavuga rumwe Nayo Bagera ku 300


Prezida wa Cadi Mahamat Idriss Deby Itno
Prezida wa Cadi Mahamat Idriss Deby Itno

Reta ya Cadi yagiriye imbabazi uno musi ku wa mbere abarwanya ubutegetsi n'abanyapolitike batavuga rumwe nayo bagera ku 300. Iyo ngingo yubahirije kimwe mu bisabwa n’abatavuga rumwe ne reta batumiwe kuja mu biganiro vyerekeye kazoza k’igihugu.

Izo mbabazi zizoba zerekeye abagiwe n’ivyaha birimwo n’ibijanye n’ivyiyumviro vyabo, iterabwoba hamwe n’ukugeramira reta. Imirwi irwanya ubutegetsi yari yatangaje ko kubagirira imbabazi cari kimwe mu vyasabwa kugira yitabe ibiganiro vyatangujwe na Prezida Mahamat Idriss Deby Itno yashitse ku butegetsi inyuma yuko se wiwe, Idriss Deby Itno yishwe ariko agwanya abagumutse mu kwezi kwa kane kw’uyu mwaka.

Igihe yafata ubutegetsi, yarasambuye reta n’inama nshingamateka, yongera arakuraho ibwirizwa shingiro, yemera kugirisha amatora yigenga kandi ari mu muco mu kiringo c’amezi 18. Mu kwezi kw’umunani kw’uyu mwaka yemeye gutanguza ibiganiro n’abarwanya ubutegetsi.

Reta ivuga ko ingingo yafashe uno musi ku wa mbere, ikenewe cane kugira birangize ibihe bitabaye yororo mu bihe vya vuba mu gihugu. Ico gihugu caranzwe n’umutekano muke mu mateka yaco. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG