Uko wahagera

Reta y'Uburundi Yashizeho Ibiciro Bishasha vyo Kwivuza


Ishirahamwe riharanira inyungu z’abagwayi CEMABU rivuga ko ibi biciro bitaduze cane ugereranije n’iyahahora.

Mu Burundi, ubushikiranganji bw'amagara y'abantu n'ubw'ikigega ca reta bwashizeho ibiciro bishasha vyo kwivuza, ukubonana na muganga no kwishura ibitaro ku bagwayi bagumizwa ku bitanda kwa muganga n'indembe. Ibi biciro bishasha vyerekeye kandi incanco n'impapura zitandukanye zitangwa n'umuganga.

Ishirahamwe CEMABU riharanira inyungu z'abagwayi risaba ko ibi biciro vyomanikwa ku bitaro n'amavuriro kugira abagwayi batarihishwa umurengera batabwiwe uko bishura. Rihamagarira reta kandi gukuraho amafaranga arihishwa ku mpapuro zimwe harimwo iyerekana ko umwana yavutse.

Ubushikiranganji bw’ikigega ca reta n’ubwamagara y’abantu buhejeje gushinga ibiciro bishasha kubaja kwivuza mubitaro vya reta. Nk’urugero, umuntu ashaka kubonana n’umuganga afise ubuhinga mu gisata runaka azoriha 6000 y’amarundi mu gihe aja kubonana na muganga asanzwe azishura 3500.

Umuganga yize ibijanye n’inyifato n’uwuraba indwara zishobora kuvamwo ihahamuka hamwe n’umuvuzi mukuru co kimwe n’uwuraba indwara zo ku ruhu, mu kubonana nawe, umugwayi azotangishwa 3000.

Uwundi muganga wese n’umuhinga mu buvuzi iyo akenewe umushaka azorishishwa 1500 mu gihe amafaranga 500 azotangishwa ku kintu cose kijanye n’ukwivuza umuntu ashaka kubonana na muganga harimwo n’abagwariye mu bitaro.

Ku vyrekeye ibiciro vyo mu bitaro ku bagwayi n’indembe, hemejwe ibikurikira.Mu bitaro bisanzwe, igitanda kiri mu cumba kizishurwa 10000 mu gihe ikiri mu cumba rusangi benshi bita salle commune mu gifaransa hazotangwa 2000 ku musi. Ku ndembe, igitanda kizirihwa 15000 na 3000 kuri ino ngereranyo nyene. Ibi biraba ibitaro vyose vya reta ata na kimwe kivuyemwo harimwo ibitaro vy’ama districts nivyo ku rwego rw’igihugu.

Mu mavuriro, amafaranga azishurwa n’abagwayi bativuza bataha ni igihumbi ku munsi. Abashaka impapuro nabo bazoriha uku gukurikira. Urupapuro rwerekana ingene umurwayi ameze ruzorihwa 10000 by'amafaranga akoreshwa mu Burundi mu gihe urwerekana ukuntu amagara y’umuntu yifashe rutangishwako 5000. Urutanga akaruhuko ku mukiruke rwo ni 1000.

Urwerekana amaragara y’umuntu yifashe ni 5000fbu. N’impapuro z’amavuko n’urwerekana rukemeza ko umuntu yitavye Imana zashiriweho igiciro ntarengwa. Zose zirihishwa igihugmbi. Naho ku vyerekeye incanco, uruhabwa abantu baja mu mahanga rutangishwako ibihumbi 35000 mu gihe agatabu kemeza k’umuntu yacandazwe ari 3000.

Ishirahamwe riharanira inyungu z’abagwayi CEMABU rivuga ko ibi biciro bitaduze cane ugereranije n’iyahahora. Gusa rifise impungenge ku mafaranga asabwa abavyeyi bibarutse kugira bahabwe urupapuro rw'amavuko y’umwana. Sylvain Habanabakize, umuvugizi wa CEMABU asaba ko ibi biciro vyotangishwa mu muco akemeza ko hari abaharura amafagitire mu bitaro akenshi bikika mu kiza bagaca abagwayi amafaranga y’umurengera.

Mu mwaka ushize mu kwezi kw’icumi, ishirahamwe rya reta rimwe rijejwe kuvuza abagwayi Mutuelle ryagabanije imiti y’abanywanyi bayo iva kuri 2000 ija kuri 800. CEMABU rivuga ko vyagize ingaruka mbi na cane cane kuri bantahonikora barihirwa na reta rigasaba ko vyohinduka.

Ibi biciro bishasha vyashinzwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bufadikanije n’ubw’ikigega ca reta. Umugwi w’abantu batatu bo muri ubwo bushikiranganji na Mutuelle washinzwe kugira barabe bongere bakurikirane ishirwa mu ngiro za bino biciro bishasha.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG