Uko wahagera

Reta y'Uburundi Yadugije Igiciro c'Ibitoro


Inyuma y'igihe kitari gito hibonekeza ikena ry'ibitoro mu Burundi, reta yafashe ingingo mw'ijoro ryo kuri uyu wa kane yo kuduza igiciro cavyo.

Essence yadugijwe amafaranga amajana atatu, amazutu aduzwa amajana atatu nyene co kimwe na peterori.

Ibi biciro ni ivyo ku murwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura. Mu ntara hagati, hazoshirwaho iyindi ngingo yerekana uko bizogurishwa hafatiwe ku rugendo amakamyo afata kugira ashikaneyo ibitoro.

Umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza abashikiriza ino nkuru ku iduzwa ry'ibitoro:

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:57 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG