Uko wahagera

Reta y'Uburundi Iripfuza Guha Iyindi Sura Igisagara ca Bujumbura


Perezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye
Perezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye

Reta y’Uburundi ifadikanije n’uburongozi bw’igisagara ca Bujumbura itangaza ko igiye guhagurukira iterambere ry’igisagara c’ubutunzi Bujumburan, ikibazo c’abana bo mw’ibarabara kidasigaye inyuma.

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yabishikirije mu nama yo mu mw’iherero kuri uno wa gatatu n’abarongoye ibisata bitandukanye vyo mu biro vy’umukuru w’igisagara ca Bujumbura.

Iyo nama yabaye mu mw’iherero hagati y’umukuru w’igihugu n’abarongoye ibisata bitandukanye mu biro vy’uwurongoye igisagara c’ubutunzi Bujumbura, n'iya mbere Perezida Ndayishimiye aremesheje ku banyagisagara kuva yinjiye mu mabanga yo kurongora igihugu.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi asaba abanya bujumbura kwirinda amatati y’amatongo. Abasaba gukingira ikiyaga Tanyanyika kubera ko gifise ubutunzi kandi kandi gishobora gutuma ibigega vy’igihugu bibomboka.

Hari ikindi kiraje ishinga umukuru w’igihugu Ndayishimiye: N’uko igisagara c’ubutunzi Bujumbura cogira isura nziza, kikagira inyubakwa za kijambere na cane cane ko nka zone Buyenzi yokubakwa nk’uko Leta y’Uburundi yigeze kuvyiyumvira mu myaka iheze.

Inyuma y’iyo nama n’abaserukira ibisata bitandukanye vyo mu biro vy’umukuru w’i gisagara ca Bujumbura, Umukuru w’igihugu yatanguje urugendo rw’urumuri rw’amahoro mu gisagara ca Bujumbura nyene.

Kuri uyu wa kane rukazogana intara ya Bujumbura rubandanye mu gihugu hagati mu kiringo c’ukwezi. Ibirori vyo gusozera urwo rugendo bikazobera mu gisagara c’ubutunzi Bujumbura nk’uko amakuru ava mu biro vy’umukuru w’igihugu abivuga

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG