Umushikiranganji wa mbere wa Tuniziya, yagenye abashikiranganji muri iki gihe igihugu kiri mu bihe bitoroshe. Iyo reta nshasha itangajwe uyu umusi ku wa mbere hari haheze indwi zitari nke Prezida Kais Saird akuye umushikiranganji wa mbere, akanafuta inama nshingamateka mu ntumbero yo kwingungirako ubutegetsi. Ico gihe, abatavuga rumwe nawe bamwagirije ko yafashe ubutegetsi ku nguvu mu bintu bisa nka kudeta.
Umushikiranganji wa mbere Najla Bouden yagenywe na Prezida Saied mu kwezi guheze, yavuze ko umugambi nyamakuru wa reta yiwe ari ugutuza ruswa hamwe no kugarukana umwizero mu Banyatuniziya. Yamara naho muri iki gihe Tuniziya gihanzwe n’ubukene, Bouden nta kintu na kimwe cerekeye imigambi yo kunagura ubutunzi yatangaje. Bouden yagumije mu bibanza vyabo abahora ari abashikiranganji b’imfatakibanza: ujejwe ubutunzi hamwe n’ujejwe imigenderanire bari bagenwe na Prezida Saied.
Facebook Forum