Uko wahagera

Reta Ihurijweko na Bose muri Isirayeri Iracari Ikibazo


Benny Gantz na na mukeba wiwe Benjamin Netanyahu ntibobasha kumvikana

Prezida wa Isirayeri Reuven Rivlin yasavye inama nshingamateka y’ico gihugu gutanga umwizerwa yoshobora gufasha mu gushiraho reta yumvikanyweko na bose.

Reuven Rivlin ahaye ico gikorwa abashingamateka ba Isirayeri inyuma yaho vyaraye vyanse ko umushikiranganji wa mbere, Benjamin Netanyahu na mukeba wiwe Benny Gantz, bumvikana ku ncuro ya gatatu ingene hoshirwaho reta y’ubumwe ihuriyemwo bose.

Uwo mwizigirwa akaramuka abonetse, azoba afise iminsi 14 yo gutanga amazina y’aboja muri reta, bitabaye uko, hagatunganywa amatora yandi nkuko biri mu rwandiko Prezida Rivlin yarungikiye inama nshingamateka.

Mu mezi 16 Isirayeri imaze itwarwa na reta ihari vy’imfatakibanza, hamaze gutunganywa amatora incuro zitatu zose, ariko habura n’umwe yaba Benjamin Netanyahu canke Benny Gantz akwiza amajwi amwemerera kuba umushikiranganji wa mbere.

Ibitangazamakuru muri Isirayeri biriko bivuga ko ingingo zatumye vyanka ko Netanyahu na Gantz bagira aho bahurije mu ndwi zibiri z’ibiganiro vyari bimaze iminsi bibahuza, ari ahanini abohabwa ubushikiranganji bukomakomeye burimwo ubw'ubutungane n'umutekano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG