Uko wahagera

Amerika ihamagarira abanyagihugu bayo kuva muri Congo


Umushikiranganji wa Amerika John Kerry
Umushikiranganji wa Amerika John Kerry

Ubushikiranganji bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu buragabisha ku ngendo zikoregwa mu gihugu ca Republika Iharanira Demokarasi ya Congo. Ubwo bushikiranganji busaba kandi imiryango y’abakozi babwo ir’aho muri Congo kuvayo.

Iryo tangazo rimenyesha ko intureka zishobora kwiyadukiza mu turere twinshi, ku mugwa mukuru wa Congo, I Kinshasa, no mu bindi bisagara bikomeye. Iyo miryango isabwa kuba yaratanguye kuvayo kuva kur’uyu wa kane uheze, itariki ya 29. Ingendo zari zitunganijwe muri Congo zikaba zahagaritswe.

Imigwi y’abaharanira agateka ka zina muntu aho muri Congo imenyesha ko Reta ya Congo itera igwiza ihohoterwa ry’abo bitavuga rumwe. Umugwi ujejwe gutunganya amatora uherutse gusohora itangazo rivuga ko amatora y’arategekanijwe kuba itariki 19 z’ukwezi kwa 12, adashobora kuba imbere y’impera z’umwaka w’2018.

XS
SM
MD
LG