Uko wahagera

RDC: Umupolisi Yaguye mu Mishamirano Hagati y'Imirwi y'Abayisilamu


Umuduga wa polisi waturiwe n'imirwi y'Abayisilamu i Kinshasa mu murwa mukuru.
Umuduga wa polisi waturiwe n'imirwi y'Abayisilamu i Kinshasa mu murwa mukuru.

Umupolisi yishwe akubiswe igihe c’imishamirano hagati y'imirwi y'abayislamu ihiganirwa ubuyobozi bw'idini muri Republika ya Demokarasi ya Congo.

Ubuyobozi bw’igipolisi butangaza ko abandi 46 bakomeretse ku murwa mukuru, Kinshasa, igihe iyo mirwi ibiri yahangana mu gitondo c’uno musi ku wa kane mu gihe c’ibirori vyo guhimbaza Eid. Yari yategekanijwe guhimbariza hamwe uwo musi mukuru wa Eid MUBARAK mu ntumbero y’ukwerekana ubumwe hagati yayo.

Sylvano Kasongo ayoboye igipolisi ku murwa mukuru Kinshasa avuga ko hari intagondwa muri iyo mirwi ibiri itashaka ko isengera hamwe uno musi.

Abapolisi barashe imyuka ibabaza mu maso hamwe n’insoro mu ntumbero yo gushwiragiza abariko barahangana. Abari mu mugumuko bateye amabuye abapolisi bongera barasambura imodoka y’igipolisi.

Amasanamu yahererekanijwe ku mbuga ngurukanabumenyi yerekanye umupolisi ariko arakubitwa mu mutwe gushika aho agwa hasi. Mu nyuma yaturiwe.

Umukuru w’igipolisi ku murwa maukuru, Kinshasa, Sylvano Kasongo yemeje ko umupolisi yapfuye inyuma yuko aturiwe, abandi 46 barakomereka.

Inyuma y’ivyabaye ku murwa mukuru, Kinshasa, ibirori vyo guhimbaza umusi mukuru wa Eid mu gisagara ca Goma mu buseruko bw’igihugu vyahagaritswe.

Republika ya demokrasi ya Congo ifise igitigiri gitoyi c’abayislamu. Ni ibice 5 kw’ijana vy’abantu imiliyoni 90 baba mu gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG