Abantu bagera kuri 11 ni bo bamaze kumenyekana ko bakomerekeye mu mishamirano hagati y’abashigikiye Prezida wa Kongo Félix Tshisekedi n’uwo yasubiririye Joseph Kabila.
Uko gushamirana kwabereye mu gisagara ca Lubumbashi kiri mu bumanuko bwa Kongo mu myiyamazo y’amatora y’aba buramatari ategekanijwe kuri uno wa gatatu.
Ukwo gushamirana kwatanguye igihe abanywanyi b’umugambwe UDPS, (l'Union pour la démocratie et le progrès social), wa Prezida Tshisekedi bagirije abo mu mugambwe PPRD, "Parti du peuple pour la reconstruction et la démocratie" wa Kabila gutabagura no guturira idarapo y’umugambwe wabo.
Umwe mu rwaruka rwegamiye umugambwe UDPS yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, dukesha ino nkuru ati " Ntitwashoboye kwihanganira ako gasomborotso!” AFP itangaza ko izo mpande zibiri zashamiranye ziterana amabuye.
Ku rundi ruhande umwe mu bayoboke b’umugambwe PPRD wa Kabila yasiguye ahubwo ko ari abo mu mugambwe UDPS babasomborokeje mu gutuka uwahoze ari Prezida wa Kongo Joseph Kabila. Polisi yahavuye ibanguranya.
Amatora y’ababuramatari muri Kongo ategekanijwe kuba kuri uno wa gatatu mu ntara 26 nkuko bitangazwa n’umurwi ujejwe gutunganya amatora CENI, ukwiyamamaza nako kukaza guhera kuri uno wambere sa sita y’ijoro ku masaha yo mu karere.
Facebook Forum