Uko wahagera

Raporo Nshasha Yashyize Uburundi mu Bihugu Birimo Igiturire Cinshi


Icegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu Transparency International cagiye ahabona cashize Uburundi ku mwanya wa kabiri mu bihugu birimwo igiturire cinshi muri Afrika y’Ubuseruko, EAC. Muri Afrika na ho Uburundi buri mu bihugu 10 vya mbere birangwamwo ibiturire vyinshi n’ubunyonyezi bw’amatungo ya Reta.

Nk’uko vyerekanwa n’icegeranyo c’Ishirahamwe mpuzamakungu rigwanya ibiturire Transparency International, ku bihugu 180 vyo kw’isi vyakozweko amatohoza, Uburundi buza mu kibanza c’165. Transparency International ivuga ko ivyo bisigura ko ico gihugu kiri mu bihugu 7 vya mbere vyirayemwo igiturire kw’isi.

Aho, Uburundi buza inyuma y’igihugu ca Iraki, bugakurikirwa n’ibihugu nka Haiti, Republika iharanira Demokarasi ya Kongo, Koreya ya Ruguru na Libiya. Ku mugabane wa Afrika, ico gihugu kiri muri 10 vya mbere birangwamwo ibiturire vyinshi n’isesagurwa ry’amatungo ya Reta.

Ishirahamwe OLUCOME rigwanya ibiturire mu Burundi, rikaba rikorana na Transparency International, rivuga ko Uburundi butigeze bugira ikibanza ciza kuva mu myaka 10 iheze. Mu mwaka w’2015, bwari mu kibanza c’150.

Mu karere ka Africa y’Ubuseruko, EAC, Uburundi bukurikirana n’igihugu ca Sudani y’epfo kimaze imyaka irenga 10 mu ntambara, mu bibanza vya mbere vy’ibihugu birangwamwo ibiturire n’ukunyuruza amatungo ya Reta.

Ico bikoze, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye aherutse gutangaza ko ibisaka vy’abanyonora amatungo ya Reta yiwe bigiye gusha. Inyuma y’iyo Raporo ya Transparency International, Ishirahamwe OLUCOME rigwanya ibiturire, rimusaba gushiramwo inguvu, imvugo ijane n’ingiro.

Ishirahamwe FOLUCON F rigwanya ikimenyane, nkunzi na ka mwana wa mama muri ico gihugu, ryo ribona ko reta nshasha imaze amezi 6 ku butegetsi yahagurukiye ico kibazo.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:54 0:00


Gerard Hakizimana, atwara iryo shirahamwe avugana n'Ijwi rya Amerika yaneguye raporo ya Transparency International avuga ko ikoze nabi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG