Gufata abigeme n'abakenyezi ku nguvu, birahagaritse abantu umutima mu Burundi. Ubushikiranganji bujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi, buherutse gusohora raporo yerekana ko abigeme n'abakenyezi ibihumbi bitatu n'amajana abiri na cumi na bane bakorewe ivya mfura mbi mu mwaka w'i 2010. Iyo Raporo irerekana kandi ko abagabo n'abana b'abahungu amajana ane na mirongo ine n'icenda bakorewe nabo nyene ayo mabi.
Gerard Mbonimpa ajejwe ibijanye n'ico kibazo, mu bushikiranganji bujejwe agateka ka zina muntu, ari nawe yashikirije ivyo bitigiri, asigura ko intara icenda kuri cumi n'indwi zigize Uburundi zibangamiwe cane. Ibice hafi mirongo ine n'indwi kw'ijana vy'abashurashuzwa ku nguvu ni abana bari musi y'imyaka cumi n'itanu. Ariko ikibabaje, nk'uko umufpasoni Aline Dusabe aba mu Kibenga mu gisagara ca Bujumbura abivuga, ngo n'uko abakora ayo mabi batagera umutwe n'abana baconka.
Raporo n'amatohoza agenda akorwa na reta n'abigenga, yerekana ko abakora ivyo vyaha kenshi na kenshi ari abahoze mu migwi yagwana mu ntambara, abaporisi, abasirikare, abajejwe intwaro, abigisha, na ba serugo baba bareze abigeme b'impfuvyi canke incuti za kure. Gerard Mbonimpa aremera ko ku dahana abakora ivyo vyaha biri mu bituma ibitigiri bibandanya kuduga, ariko ngo n'itituka ry'imico riri mu zindi mvo zikomeye zibituma.
Abakorewe ayo mabi, kenshi na kenshi birashika ko bakandura ingwara ya Sida. Mu mibano barakumirwa, bagatumwa urutoke aho baciye hose, gushika n'aho bamwe bagwara ingwara zo mu mutwe. Deo Ndikumana atwara ishirahamwe rijejwe agateka k'abana LIBEJEUN asaba reta ko yosubizaho igihano co kwicwa ku bantu bashurashuza abandi ku nguvu. Ico gihano cafuswe mu mategeko y’Ubrundi mu mwaka w'i 2009.
Reta iheruka gutanguza muri iyi ndwi, isekeza ryo guhimiriza abantu bose na cane cane amadini ngo ahagurukire ico kibazo. Amategeko avuga ko abashurashuza abandi ku nguvu bafatwa nk'abicanyi, bagashobora kuronka igihano co gupfungwa ubuzima bwabo bwose, ariko abantu baganiriye n'Ijwi rya Amerika, bavuga ko ico gihano kidakwiye. Abashurashujwe ku nguvu kenshi na kenshi nti bitura ubutungane, kubera ko bagirigwa iterabwoba n'ababakoreye ayo mabi. Iyo bituye ubutungane, bakunda kugira ingorane z'isura kuko kenshi bikorwa n’abantu babiri mu mwiherero.