Uko wahagera

Uburundi,Urwanda na Congo mu Gikogwa co Kurima Umuceri


Ishirahamwe ry'ibihugu vyo mu karere k'ibiyaga binini riheruka gutangza umugambi wo guteza imbere ikirimwa c'umuceri mur'ivyo bihugu bitatu.

Ishirahamwe ry'ibihugu vyo mu karere k'ibiyaga binini CEPGL rigizwe n'Urwanda,Uburundi na Congo Iharanira Demokarasi ryatanguje kur'uyu wa gatatu igenekere rya 21 ukwezi kw'indwi 2010, umugambi wo guteza imbere ikirimwa c'umuceri mur'ivyo bihugu bitatu. Uwo mugambi ushigikiwe n'uwundi mugambi mpuzamakungu bita CATALIST( ishami ry'i Bujumbura) ujejwe ivyerekeye ibitabizo.

Uwo mugambi wo guteza imbere ikirimwa c'umuceri mu bihugu bigize CEPGL bitegekanijwe ko uzorangurirwa mu biyaya vya Ruzizi muri Congo, Bugaram mu Rwanda no mukiyaya c'Imbo mu Burundi. Umukuru wa CEPGL, Toyi Gabriel, ari mubatanguje iyo bikorwa, asigura ko kurangurira hamwe umugambi nk'uwo bizofasha guhuza abanyagihugu b'ivyo bihugu vyompi bigakomeza imibano.

Ku bw'umuhinga mu burimyi muri CATALIST, Alexis Ntamavukiro, uwo mugambi uzoshimikira ku kugwiza umwimbu w'umuceri, mu kuronsa mur'ivyo biyaya amase akwiye ku giciro ciza, imbuto nziza z'umuceri, n'ibikoresho vya kijambere vyo kurima. Umugambi CATALIST ngo uzofasha kandi mu kurondera amasoko, kuko ku bwa Alexis Ntamavukiro umwimbu w'umuceri mu biyaya vya Ruzizi, Imbo na Bugarama, ngo nta nkeka ko uzoba wiyongereye cane mu myaka mike,Abarundi,Abakongomani n'Abanyarwanda bakazoronka umuceri w'umusesekara, uwo barya n'uwo bashora ku yandi masoko.

XS
SM
MD
LG