Uko wahagera

Prezida w’Uburundi, Pierre Nkurunziza, Yatangaje Imisi Itatu y’Ikigandaro Ku Bwicanyi bwo mu Gatumba

Abihweza ibintu bavuga uguhigana hagati y’inteko zijejwe umutekano n’abahoze ari abagwanyi ishobora kuvamwo intambara ikomeye.

Prezida w’Uburundi, Pierre Nkurunziza yatangaje imisi itatu y’ikigandaro inyuma yuko abantu bitwaje ibigwanisho binjiye mu bunywero mu Gatumba, bakica abantu mirongo itatu na batandatu canke barenga. Ico gitero, cihaye inkumbi kurusha ibindi muri uyu mwaka, carerekanye ubwoba bwuko ingwano ishobora kugaruka mu Burundi.

Abihweza ibintu bavuga uguhigana hagati y’inteko zijejwe umutekano n’abahoze ari abagwanyi ishobora kuvamwo intambara ikomeye.

Ivyabona bavuga ko abantu bitwaje ibigwanisho binjiye muri ubwo bunywero mw’ijoro yro ku musi w’Imana, batangura kurasa. Nta mugwi uriyitirira ico gitero. Yamara Prezida w’Uburundi, Pierre Nkurunziza, yagendeye ahabereye ubwo bwicanyi ejo ku musi wa mbere, yatangaje ko abagize ico gitero babonwa ko bajabutse urubibe bavuye muri Congo.

Prezida Nkurunziza yariyemeje ko abagize ico gitero bazofatwa mw’ijambo yashikirije abariko bamwumviriza:

Prezida Nkurunziza avugako " Abakoze ubwo bwicaanyi badashaka ubumwe hagati y’Abarundi. Ngo ntibashaka Abarundi gutera imbere, Ngo ntibashaka Abarundi kubana mu mahoro. Ngo Imana iriko iritegereza uwakoze ubwo bwicanyi. Prezida Nkurunziza yavuze ko n’abagize Reta baje ahabereye ubwo bwicanyi gufata mu mugongo ababuze ababo, ngo bashaka ko bemenya, ko bitebe bitebuke, abakoze aubwo bwicanyi bazofatwa bagashirwa imbere y’intahe"

Prezida w’Uburundi, Pierre Nkurunziza, Yatangaje Imisi Itatu y’Ikigandaro Ku Bwicanyi bwo mu Gatumba
Prezida w’Uburundi, Pierre Nkurunziza, Yatangaje Imisi Itatu y’Ikigandaro Ku Bwicanyi bwo mu Gatumba

Mu nkuru yatangajwe n’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abanyamerika, Associated Press, umuvugizi w’igisirikare ca Congo, Sylvain Ekenge yatangaje ko yatangajwe n’ivyatangajwe ko abagize ico gitero co mu Gatumba bavuye mu gihugu ciwe. Ekenge yatangaje ko bisa nuko bari abo muri FNL.

Ikigandaro ku bwicanyi bwo mu Gatumba

XS
SM
MD
LG