Uko wahagera

Prezida wa Zambiya Yiyemeje Kugabanya Amadeni y' Igihugu Ciwe


Prezida mushasha wa Zambiya, Hakainde Hichilema

Prezida mushasha wa Zambiya, Hakainde Hichilema yiyemeje kugabanya amadeni igihugu gifise. Yamenyesheje ko amafranga igihugu gitegekanya gukoresha arengewe n’amafranga y’ukuriha amadeni igihugu gifise.

Ivyo Hichilema yabitangaje igihe yarahira mu mabanga ya prezida agira 7 w’igihugu ca Zambiya. Ni inyuma yuko atsinze n’amajwi menshi prezida yari ahari, Edgar Lungu mu matora yo mu ntango z’uku kwezi.

Bwabaye ubugira gatatu umugambwe utavuga rumwe na reta ushikira ubutegetsi biciye mu mahoro kuva igihugu cikukira mu mwaka w’i 1962.

Hichilema ategerezwa mur’iki gihe kunagura ubutunzi buremewe n’amadeni igihugu gifise, ibiciro vy’ibidandazwa bidahinguye biguma bihindagurika ku masoko mpuzamakungu hamwe n’ikiza ca Covid-19.

Zambiya yabaye igihugu ca mbere co muri Afrika co mu gihe c’ikiza ca Covidd-19 cananiwe n’ukuriha amadeni yaco mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka urangiye w’i 2020.

Prezida mushasha, Hakainde Hichilema yatangaje ko mu kiringo c’imyaka cumi irangiye amadeni igihugu gifise yabaye umurengera, mu vyagabanije ubushobozi bw’igihugu bw’ugushira mu bikorwa imigambi y’iterambere.

Yamenyesheje ko bategerezwa gusubiza ibintu uko vyari biri imbere yaho. Zambiya ifise amadeni y’agaciro k’imiliyaridi 12 y’amadolari.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG