Uko wahagera

Prezida wa Zambiya Edgar Lungu Yemeye ko Yatsinzwe mu Matora


Prezida Edgar Lungu kumwe n'Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Zambiya n'ayandi makungu
Prezida Edgar Lungu kumwe n'Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Zambiya n'ayandi makungu

Prezida wa Zambiya, Edgar Lungu yemeye icese ko yatsinzwe mu matora y'umukuru w'igihugu inyuma y’uko uwo bahiganywe, Hakainde Hichilema atsinze n'amajwi menshi cane. Bubaye ubugira gatatu ubutegetsi bushikirizwa umugambwe utavuga rumwe na reta mu mahoro muri Zambiya.

Mu gihe amajwi avuye mu bice 156 ku bice 157 amaze guharurwa, Hichilema yatsinze n’amajwi 2,810,777 mu gihe Lunga yaronse amajwi 1,814,201. Urwego rw’igihugu rujejwe amatora rwatangaje ko Hichilema ari we prezida mushasha. Afise igikorwa co kunagura ubutunzi bw’igihugu bwifashe nabi mur’iki gihe.

Mw’ijambo rigufi yashikirije abanyagihugu kuri televiziyo, Edgar Lungu, afise imyaka 64 mur’iki gihe yatangaje ko azokwubahiriza amategeko ari mw’ibwirizwa shingiro ku bijanye n’ugushikiriza ubutegetsi mu mahoro. Yakeje Prezida yavuye mu matora, Hakainde Hichilema.

Ihererekanywa ry’ubutegetsi ribaye rizokomeza demokrasi muri Zambiya, ryongere ribere akarorero intara ya Afrika aho guhanahana ubutegetsi biciye mu mahoro, biba gake.

Edgar Lungu yari yatangaje ku musi wa gatandatu w’iyi ndwi turangije, kw’amatora atabaye mu mwidegemvyo kandi yabayemwo amahinyu. Hari inyuma y’ubwicanyi bwakozwe ku banywanyi 2 b’umugambwe uri ku butegetsi, Patriotic Front mu ntara 3. Yamara ubusumbane bukomeye bw’amajwi n’uwo bahiganywe vyari gutuma gushingisha urubanza muri sentare ku vyavuye mu matora bisa n’ibidashoboka.

Abanywanyi b’umugambwe utavuga rumwe na reta, United Party for National Development wa Hakainde Hichilema bagize imisi mikuru inyuma y’intsinzi yiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG