Uko wahagera

Prezida wa Amerika, Barack Obama Aremera kw’Abasangiye Igitsina Bokwemererwa Kwubakana


Prezida Barack Obama
Prezida Barack Obama

Prezida Obama imbere yaho ntiyatomora neza kw’ashigikiye ukwubakana hagati y’abantu basangiye igitsina,

Prezida wa Amerika, Barack Obama muri iki gihe yatangaje ko yemera abasangiye igitsina bokwemeregwa kwubakana, mu vyuguruye ikibazo kidahuriweko na bose imbere y’amatora y’umukuru w’igihugu yo mu kwezi kw’icumi na rimwe muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ivyo Prezida Obama yabitangaje ejo ku musi wa gatatu mu kiganiro yatangiye kuri televiziyo ABC.

Prezida Obama imbere yaho ntiyatomora neza kw’ashigikiye ukwubakana hagati y’abantu basangiye igitsina, mu kuvuga kw’ivyiyumviro vyiwe kuri ico kibazo bitera bihinduka.

Prezida Obama yatangaje mu kiganiro yahaye televiziyo, ABC, ko kuriwe ari ikintu gihambaye kwemeza ko yiyumvira kw’abantu basangiye igitsina botegerezwa kurekurirwa kwubakana. Prezida Obama yabwiye kandi televiziyo ABC, kw’aho ariho ahagaze ubwiwe kandi ko yashitse kuri ico ciyumviro inyuma y’imyaka itari mike aganiye ico kibazo n’umuryango n’abagenzi.

Ishirahamwe riharanira uburenganzira bw’abakundana n’abo basangiye igitsina muri Amerika barakiye neza iryo tangazo mu kuvugako prezida Obama agiye imbere y’abandi ba prezida mu kuba umu prezida wa mbere ari mu mabanga yiwe ashigikiye icese ukwubakana hagati y’abantu basangiye igitsina.

XS
SM
MD
LG