Presidence ya Amerika yatangaje ko prezida wa Amerika, Barack Obama aza kuja mu ntara ya Colorado uno musi ku w’Imana kugendera abasinzikajwe n’ubwicanyi bwabaye muri iyo ntara ku musi wa gatanu hamwe n’imiryango yabo.
Umuvugizi wa presidence ya Amerika, yatangaje imigambi yerekeye urugendo rwa prezida Obama mw’ijoro ry’ejo ku musi wa gatandatu, akaba yamenyesheje ko prezida Obama azobonana n’abategetsi bo mu ntara ya Colorado.
Igipolisi mu ntara ya Colorado muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika kiriko gitohoza ubwicanyi bwabereye mu kibanza abantu barabiramwo amasinema hanze y’igisagara ca Denver camenyesheje kw’abahinga mu vyerekeye ama bombe bakuyeho amabombe akomeye yose mu nyubakwa y’uwikekwa muri ubwo bwicanyi.
Umukuru w’igipolisi mu gisagara ca Aurora, Dan Oates yabwiye abamenyeshamakuru kw’inyubakwa y’uwikekwa muri ubwo bwicanyi, James Holmes yari yatezwemwo amabombe yari agenewe kwica uwariwe wese yari kwinjira ubwa mbere muri iyo nyubakwa. Avuga vyasa nuko uwo muntu yari kuba umupolisi.
Abantu cumi na babiri bari bagiye kuraba cinema barishwe, abandi batari bake barekomereka mu gitondo co ku musi wa gatanu igihe umuntu yari yitwaje ibigwanisho yarasa abantu baari mu kibanza iyo cinema yariko yerekanwamwo.
Igipolisi cavuze k’uwikekwa muri ico gitero ari James Holmes, umunyeshule afise imyaka mirongo ibiri n’ine, abategetsi bavuga yari yitegurira kuva muri programa ya doctorat yariko agira.
Holmes yari afise ibigwanisho bikomeye, yahagaritswe hanze y’ico kibanza abantu bariko barabiramwo cenema inyuma y’ubwo bwicanyi.