Uko wahagera

Prezida w'Uburundi Yahagaritse mu Mirimo Uwutwara OTRACO


Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye na Albert Maniratunga
Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye na Albert Maniratunga

Prezida w’Uburundi, Evariste Ndayishimiye, kuri uno wa kabiri yakomboye umukuru w’ikigo ca Reta kijejwe gusuzuma ko imiduga ikwije ivya ngombwa, OTRACO. Umuyobozi mukuru w’ico kigo, Albert Maniratunga, yahagaristwe mu mabanga yiwe yagirizwa kutubahiriza ingingo zo gushinga ibigo bitandukanye vyerekana ko imodoka zasuzumwe (Controle Technique) mu ntara zitandukanye zirimwo Bururi, Gitega na Ngozi.

Muri videwo y’ikiyago c’ikibiriraho Prezida Ndayishimiye yagiranye na Maniratunga, mu rugendo yari yagize ahakorera OTRACO i Gitega, yumvikanye amubaza ati: “Amasezerano yo gushira Controle Technique mu ntara zitandukanye yasinywe ryari? Hama akaba yari ategerezwa kuja mu ntara izahe? ” Maniratunga kuri ako kabazo yamwishuye amubwira ko ayo masezerano yasinywe mu 2015 yari abwirijwe gushirwa mu ntara zitandukanye ariko kugera ubu ico kigo kiri i Bujumbura gusa.

Inyuma y’iyo nyishu, Prezida w’Uburundi yabwiye Maniratunga ko ikigo atwara cahombesheje abanyagihugu cane bafashe ingendo zitagira uko zingana bava i Bururi, mu Cankuzo, mu Ruyigi, mu Rutana, i Gitega, i Ngozi, Kirundo na Muyinga baja kurondera ama servisi atandukanye muri OTRACO i Bujumbura, yongerako ko abategetsi b’iryo shirahamwe bose basezerewe mu mirimo yabo.

Prezida w’Uburundi, inyuma yo kubirukana, yemeye ko yihaye iminsi itatu akaba yatanze intumbero nshasha igenga imikorere ya OTRACO, yongera ategeka ko mu kurindira iyo misi ico kigo coba kirugawe.

Inkuru y’iyirukanwa ry’abategetsi ba OTRACO ku mbuga ngurukanabumenyi yishimiwe n’abatari bake, bavuga ko biruhukije imirongo bahora batonda baja kurondera ivya ngombwa bitandukanye. Abatari bake muri kahise, bamye bagiriza iryo shirahamwe kudakora neza, mu vyo ryagirizwa harimwo kureka imiduga ishaje cane ikabandanya ikora urudandazwa rwo kunguruza abantu. Abagiriza gukora nabi ico kigo bavuga ko ibi vyashobora guhitana ubuzima bwa benshi.

Umuyobozi mukuru wa OTRACO yirukanywe inyuma y’imisi umunani acishije ubutumwa ku rubuga rwiwe rwa Twitter bwagira buti: “Kubera ukubura umwanya, nsigaye ndira umukate muri biro yanje kugira nshikane ivyo nemeye vy’uko Controle Technique uwuyikeneye ayironke mu musni umwe! Vuba I Gitega naho tuzojayo”.

Ubwo butumwa bwiwe bwavugishije benshi ku mbuga ngurukanabumenyi, barimwo abemeza ko gusuzumirwa umuduga muri OTRACO vyari bisigaye ari nko kuronka umuzi w’ibuye.

Ishirahamwe OTRACO rikorera mu Burundi kuva mu myaka ya za 90 ni ryo rimwe rudende rikorera mu gisata co kunguruza abantu ryegukira Reta.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG