Uko wahagera

Prezida Sassou Nguesso Ashaka Kwongereza Ikiringo ku Butegetsi


Sassou Nguesso, afise imyaka 77 muri iki gihe, azohiganwa n’abakandida batavuga rumwe na reta yiwe 6 mu matora yo ku musi w’Imana yanebaguwe bikomeye na Ekleziya Katolika hamwe n’abaharanira demokrasi n’agateka ka muntu mu gihugu.

Nguesso, azwi kuba amaze ikiringo kirekire cane ku butegetsi, yatangaje ko azokoresha uburyo amenyereye amabanga yiwe kugira anagure ubutunzi bw’igihugu businzikajwe n’amadeni n’iyo yatsindira ikindi kiringo c’imyaka 5.

Yatangaje ko abanyagihugu bakeneye umuntu amenyereye amabanga ajejwe, ko azobikoresha mu ntumbero yo gufasha urwaruka rw’igihugu ciwe.

Umukandida amwegereye cane, Guy-Brice Parfait Kolelas, yahoze ari umushikiranganji, yarangije mu kibanza ca kabiri n’ibice 15 kw’ijana vy’amajwi mu matora yabayemwo ibibazo mu mwaka w’i 2016.

Abakandida barangije mu kibanza ca kabiri n’ica gatatu bahavuye bahagarikwa, inyuma yuko bagiriwe n’ivyaha vy’uko bari bafise ibirwanisho mu buryo budaciye mu mategeko.

Mu gikorwa ciwe co kwiyamamaza, Kolelas yemeye guhindura ibintu hamwe n’ukurwanya ruswa yatse indaro mu gihugu.

Yamara abitegereza ibintu bavuga ko ata mahirwe afise yo gutsinda Denis Sassou Nguesso, afise abamushigikiye bagenzura inzego zose zikomeye z’igihugu

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG