Uko wahagera

Zimbabwe: Prezida Mugabe Ntarota Atanga Imihoho


Prezida Robert Mugabe wa Zimbabwe, mu nama nkuru y'umugambwe wiwe Zanu-PF

Prezida Robert Mugabe wa Zimbabwe amenyesha ko ata mugambi wa vuba afise wo gutanga imihoho. Ivyo Prezida Mugabe yabishikirije kur’uyu wa gatanu, aho yatangaje ko atanezerejwe n’inyifato ya bamwe mu banywanyi b’umugambwe wiwe usanzwe uri k’ubutegetsi, ZANU-PF, bariko baramusaba gutanga imihoho.

Mw’ijambo yashikirije ryo kwugurura inama iba rimwe mwaka, mu gisagara ca Masvingo, ku birometero amajana atatu uja mu bumanuko bwa Harare, k’umugwa mukuru wa Zimbabwe, Prezida Mugabe yasavye abanywanyi b’umugambwe wiwe gukorera hamwe.

Mu mugambwe ZANU-PF akaba atawuvugira hejuru ibijanye n’uwosubirira Prezida Robert Mugabe, asanzwe ari k’ubutegetsi kuva Igihugu ca Zimbabwe cikukira, mu mwaka w’1980.

Yamara n’aho biruko, ubutunzi bw’igihugu bubandanya gusubira inyuma, hamwe n’ikijanye nuko Prezida Mugabe ahumuye, mu kwezi kwa kabiri akazoba akwije imyaka mirongo icenda n'itatu y’amavuko, bituma bamwe baza batanguye kuvugana ku bijanye no kumusubirira.

XS
SM
MD
LG