Uko wahagera

Prezida Obama yaratangaje imigambi y’ugukura inteko za Amerika muri Afghanistani


Prezida Obama Mw'ijambo ryiwe kuri Afghanistani
Prezida Obama Mw'ijambo ryiwe kuri Afghanistani

Prezida Obama yabwiye abanyamerika ko ingwano iriko iragabanuka muri Afghanistani.

Prezida wa Amerika Barack Obama yaratangaje ejo ku musi wa gatatu ingingo y’ukurangiza imyaka cumi mu gihugu ca Afghanistani, mu gutegeka ikugwa ry’inteko za Amerika ibihumbi mirongo itatu na bitatu muri ico gihugu mu mpera z’umwaka w’2012.

Mw’ijambo yashikirije Abanyamerika ejo ku musi wa gatatu mu biro vyiwe, Maison Blanche, Prezida Obama yabwiye abanyamerika ko ingwano iriko iragabanuka muri Afghanistani. Yavuze ko inteko za mbere z’abanyamerika ibihumbi cumi zizova muri Afghanistani mu mpera z’uyu mwaka. Inteko zisigaye mu zari zongerejwe mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka w’2009, zizotahuka mu mwaka uza, inteko za Amerika zikaba zibadanya kuva muri Afghanistani mu gihe inteko z’igihugu ca Afghanistani ziriko zishikira amabanga y’ukwubhiriza umutekano mu gihugu

Hari muri iki gihe hafi y’inteko za Amerika ibihumbi ijana muri Afghanistani.

Prezida Obama yatangaje ko mu mwaka w’2014, abanya Afghanistani bazoshikira amabanga y’ukwubahiriza umutekano wabo.

Mw’ijambo ryiwe, prezida Obama yavuze ko umugwi al-Qaida ugeramiwe bikomeye kurusha kuva habaye ibitero vy’iterabwoba vyo kw’italiki 11 z’ukwezi kw’icenda, ngo uwo mugwi ukaba mu nzira y’ugutsindwa.

Prezida Obama yavuze ko inteko za Amerika zishe aba Talibani batari bake zongera zirafata ibibanza bitari bike bari biziziye.

Prezida Obama yaremeye ko ingwano idashobora kurangira muri Afghanistani ata nyishu ya politike itowe. Yarerekanye ko ashigikiye ibiganiro bijejwe kunywanisha abanya Afghanistani birimwo aba Talibani bashaka kwikura ku mugwi al-Qaida, guheba ubwicanyi n’ukwubahiriza ibwirizwa nshingiro rya Afghanistani.

Prezida Obama yaratangaje imigambi y’ugukura inteko za Amerika muri Afghanistani
Prezida Obama yaratangaje imigambi y’ugukura inteko za Amerika muri Afghanistani

Inyuma y’aho iryo jambo rirangiriye, Frederic Nkundikije yaraganiye na professor Melchior Mbonimpa, yakwirikiranye iryo jambo kuri television, araheza, aramubaza ibintu nyamukuru yumvise:



XS
SM
MD
LG