Uko wahagera

Prezida Obama Yaragendeye Ahabereye Ibitero vyIterabwoba I New York


U.S. President Barack Obama poses with officers of the First Precinct police station in lower Manhattan during a visit to the World Trade Center site in New York, May 5, 2011.
U.S. President Barack Obama poses with officers of the First Precinct police station in lower Manhattan during a visit to the World Trade Center site in New York, May 5, 2011.

Abantu bagera ku bihumbi bibiri n’amajana umnani barishwe igihe abanywanyi b’umugwi al-Qaida wari uyobowe na Osama Bin Laden

Hafi y’imyaka cumi irangiye ikibanza gikomeye cagirigwamwo imirimo y’ubudandaji gisambuwe mu gisagara ca New York, Prezida wa Amerika Barack Obama yaragiye muri ico gisagara guhura n’imiryango abapfuye uwo musi.

Abantu bagera ku bihumbi bibiri n’amajana umnani barishwe igihe abanywanyi b’umugwi al-Qaida wari uyobowe na Osama Bin Laden banyuruza indege zitwara abantu bakazikoresha mu guseka mu nyubakwa zibiri zo mu kibanza ca World Trade Center.

Prezida Obama yarasangiye n’abajejwe kugwanya imiriro mu gisagara ca New York mu kibanza bakoreramwo akaba yarahayagije ubutwari bwabo bwa misi yose.

Prezida Obama yavuzeko iyicwa rya Osama Bin Laden ari ikinti kibahoza kubera abo bakorana batakaje mu mwaka w’2001;

Prezida Obama yavuze ko ivyabaye ku musi w’Imana uheze, kubera ubutwari bw’abasirikare ba Amerika n’igikogwa c’abajejwe iperera vyarungitse ubutumwa mu makungu, ngo na ngaha muri Amerika ko iyo bavuzeko batazokwigera bibagira, bashira mu ngiro ivyo bavuze

Inyuma yaho, umukuru w’ibiro bijejwe kugwanya imiriro I New York, Edward Kilduff yatangaje ko ikibanza Obama yagendeye cerekana ukwitanga kw’abakozi bajejwe gutabara mu buryo bwihutigwa berekanye kw’italiki 11 z’ukwezi kw’icenda mu mwaka w’2001kandi ko prezida Obama yumva ukwitanga kw’abo bakozi.

XS
SM
MD
LG