Uko wahagera

Prezida Obama ari mu Gihugu ca Korea y'Epfo


 Prezida Barack Obama Igihe Yashika muri Korea y'Epfo
Prezida Barack Obama Igihe Yashika muri Korea y'Epfo

Prezida Obama yashitse mu kibanza ca gisirikare ca Amerika mu bumanuko bw’umurwa mukuru, Seoul mu gitondo c’ejo ku musi w’Imana

Prezida wa Amerika, Barack Obama ari mu gihugu ca Korea y’epfo mu nama yerekeye kwirinda ibigwanisho ruhomyanganda iza gutangura uno musi ku wa mbere.

Prezida Obama yashitse mu kibanza ca gisirikare ca Amerika mu bumanuko bw’umurwa mukuru, Seoul mu gitondo c’ejo ku musi w’Imana bikaba vyari bitegekanijwe ko abonana na prezida wa Korea y’epfo, Lee Myung-Bak mu mpera z’umusi w’ejo.

Igihugu ca Korea ya ruguru catangaje umugambi w’ukurungika mu kirere ivyo kivuga kw’ari satellite kuri roquette ishika kure cane mu kwezi kuza, bikaba vyitezwe kw’ico kibazo gishimikirwako mu nama yerekeye kwirinda ibigwanihso ruhonyanganda izohuza ibihugu birenga mirongo itanu izoba mu ndwi iza.

Ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya, Uburusiya n’Ubuyapani vyaragabishije Korea ya ruguru kw’umugambi wayo uciye kubiri n’ingingo z’ishirahamwe O-N-U, bikaba vyasavye ico gihugu guheba uwo mugambi. N’igihugu c’Ubushinwa gicuditse na Korea ya ruguru carerekanye amakenga ku kurungika iyo roquette mu kirere bishobora kugeramira umutekano mu karere kose.

.

XS
SM
MD
LG