Mu Burundi, umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye yinginga indongozi zo mu mugambwe aturukamwo, CNDD-FDD, uri ku butegetsi guhagarika ingendo yo gutoteza abandi banyagihugu batari muri uwo mugambwe.
Perezida Evariste Ndayishimiye anamenyesha ko atazihanganira bamwe mu bategetsi batunganiriza nabi canke bagakumira abo badasangiye ubwoko. Prezida Ndayisihimiye yabivugiye mu masengesho y'imisi itatu yatunganijwe n'umugambwe uri ku butegetsi, CNDD FDD.
Muri ayo masengesho ariko abera ku murwa mukuru wa Politike i Gitega, Musenyeri mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega Simon Ntamwana nawe yahanuye indongozi z'Uburundi kudakumira abantu na cane cane mw'itangwa ry'akazi kagahabwa n'abatavuga rumwe n'ubutegetsi, mbere no mu gihe gakenye.
Inkuru ya Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry’Amerika i Nairobi muri Kenya.
Facebook Forum