Uko wahagera

Prezida Mushasha w’Igihugu ca Malawi Yaragenywe.


Prezida Mushasha w'Igihugu ca Malawi, Joyce Banda
Prezida Mushasha w'Igihugu ca Malawi, Joyce Banda

Umupfasoni Banda yashikirije ijambo ejo ku musi wa gatandatu inyuma yuko arahiye mu mabanga yiwe y’ukuyobora igihugu ca Malawi ku murwa mukuru Lilongwe

Prezida mushasha w’igihugu ca Malawi, Joyce Banda, yasavye ko haba amahoro n’ubumwe mu gihugu mu gihe igihugu ca Malawi kigandariye uwo yasubiriye, Bingu wa Mutharika, yitavye Imana ku musi wa kane.

Umupfasoni Banda yashikirije ijambo ejo ku musi wa gatandatu inyuma yuko arahiye mu mabanga yiwe y’ukuyobora igihugu ca Malawi ku murwa mukuru Lilongwe. Joyce Banda n’umupfasoni wa mbere abaye prezida w’igihugu ca Malawi.

Prezida mushasha, Joyce Banda, yabaye icegera ca prezida muri Reta ya Mutharika, yamara yarirukanywe mu mugambwe uri ku butegtsi mu mwaka w’2010. Yarashize umugambwe utavuga rumwe na Reta, yamara yagumye ari icegera ca prezida. Asubiriye Bingu wa Mutharika nkuko bitegekanywa n’ibwirizwa nshingiro. Mw’ijambo ryiwe ry’ukurahira, yateye akamo k’ubumwe mu gihugu.

Bingu wa Mutharika yahitanywe n’indwara y’umutima ku musi wa kane.

XS
SM
MD
LG