Uko wahagera

Prezida Kiir Asaba Machar Amurwanya Gutaha Bakubaka Igihugu


Salva Kiir na Rieck Machar
Salva Kiir na Rieck Machar

Prezida wa Sudani y’Ubumanuko Salva Kiir kuri uyu wa gatandatu yahamagariye Riek Machar agwanya ubutegetsi bwiwe gutahuka “bidatevye” ku murwa mukuru Juba kugira bashinge Reta y’ubumwe.

Prezida Salva Kiir yasiguye ko uko Machar ateba gutahuka ariko umwizero wo gusubira kubogora igihugu no guha agahengwe abanyagihugu basegeshejwe n’intambara ugabanuka.

Amasezerano y’amahoro yasinywe mu kwezi kw’icenda mu 2018 n’impande zishamiranye kuva mu 2013 yategekanya ko bitarenze itariki 12 ukwezi kwa gatanu uyu mwaka wa 2019 Prezida Kiir n’abafashe umuheto bamurwanya boba bashinze Reta mfata kibanza y’ubumwe.

Mu nyuma yamara Rieck Machar yahavuye yivuguruza asaba ko uwo mugambi wo gushinga Reta wokongerwa ayandi mezi atandatu: Machar yavuze ko ku mvo z’umutekano wiwe yumva hataragera gutahuka kugira ahabwe ikibanza c’icegera c’umukuru w’igihugu yemerewe.

Mu kiganiro n’abamenyeshamaukruu uno munsi ku wagatandatu Prezida Salva Kiir yumvikanishije ko ari ngombwa ko Machar atahuka vyihuse kugira abanyagihugu ntibagwe mu mporerpo y’ico yise “inyungu bwite za bamwe n’abandi.” Ku bwa Prezida Kiir nta masezerano arama y’amahoro azoboneka muri Sudani y’ubumanuko hatabanje gushingwa Reta y’ubumwe.

Kiir na Machar mu ndwi iheze barahuriye I Roma mu Butariyano mu mwiherero wo gusenga wamaze iminsi ibiri. Muri uwo mwiherero Papa Fransisko yababwiye ko yizeye ko bagiye gukemura ibibazo vyugarije igihugu cabo. Amaze kubabwira ayo majambo, yarafukamye abasoma ibirenge; Ikimenyetso abatari bake bavuze ko cakoze kuri abo banyepolitike.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG