Prezida wa Tuniziya Beji Caid Essebsi yitavye Imana afise imyaka 92. Ibiro vyiwe vyatangaje ayo makuru vyavuze ko yashengeye inyuma yuko ajanywe mu bitaro ku murwa mukuru, Tunis.
Nta makuru y'icoba camuhitanye aratangazwa. Gusa, mu kwezi guheze yinjijwe ibitaro aho vyanuganuzwe ko yariko avugwa ingwara "ikomeye" itatangajwe.
Beji Caid Essebsi yabaye umukuru w’igihugu wa mbere muri Tuniziya yatowe biciye mu nzira ya demokarasi.
Yashitse ku butegetsi mu 2014, imyaka itatu inyuma yuko habaye imyiyerekano yeguje Zine El Abidine Ben Ali yakunze kwagirizwa ugutwaza igikenye. Ni imyiyerekano yatumye iyitari mike itunganywa mu bihugu bitari bike vy'Abarabu.
Nyakwigendera Beji Caid Essebsi ashengeye mu gihe igihugu ciwe kiriko citegurira amatora ategekanijwe mu kw'icumi na rimwe. Mu kurindira iryo sango, umukuru w’inama nshingamateka ni we azoba ararongoye Tuniziya.
Facebook Forum