Uko wahagera

Prezida Aherutse Gutorwa mu Bufransa, Francois Hollande Yaratanguye Ibiganiro n’Abategetsi b’Ishirahamwe ry’Ibihugu vy’I Bulaya


Prezida Aherutse Gutorwa mu Bufransa, Francois Hollande
Prezida Aherutse Gutorwa mu Bufransa, Francois Hollande

Chenceliere w’igihugu c’Ubudagi, Angela Merkel, yatangaje kw’atazosubira kuganira amesezerano yerekeye gufata ingingo zizkomeye ku vyerekeye amafranga ama Reta akoresha, a

Prezida w’igihugu c’Ubufransa aherutse gutorwa, Francois Hollande yaratanguye ibiganiro n’abategetsi b’ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya kugira imigambi y’ishirahamwe ry’I Bulaya ishimikire kurushiriza kw’iterambere y’ubutunzi.

Francois Hollande yarabonanye n’umukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya, Herman Van Rompuy, ku cicaro c’umugambwe w’Abasosiyaliste I Paris mu Bufransa. Nta tangazo ryashikirijwe inyuma y’iyo nama.

Bitegekanijwe kandi ko Hollande agirana ibiganiro n’umukuru w’umugwi w’abashikiranganji bajejwe ikigega b’akarere k’I Bulaya gakoresha ifranga rya Euro, Jean-Claude Junker, uno musi ku wa kane.

Bitegekanijwe kw’ibiganiro bishimikira ku muhango wa prezida mushasha w’igihugu c’Ubufransa w’ugusubira kwugurura ibiganiro ku masezerano yerekeye ingingo zikomeye z’ugutubika umukanda ku vyerekeye amafranga ama Reta akoresha, mu gusaba ibiganiro ku ngingo zituma haba iterambere mu vy’ubutunzi ah’ugushiraho gusa igngingo zitegeka gutubika umukanda.

Chenceliere w’igihugu c’Ubudagi, Angela Merkel, yatangaje kw’atazosubira kuganira amesezerano yerekeye gufata ingingo zizkomeye ku vyerekeye amafranga ama Reta akoresha, amasezerano yaharaniye na prezida agiye kuhava mu Bufransa, Nicholas Sarkozy.

XS
SM
MD
LG