Uko wahagera

President w’Uburundi Pierre Nkurunziza kw’itohozwa ry’ubwicanyi bwabaye mu Gatumba


President w’Uburundi Pierre Nkurunziza kw’itohozwa ry’ubwicanyi bwabaye mu Gatumba
President w’Uburundi Pierre Nkurunziza kw’itohozwa ry’ubwicanyi bwabaye mu Gatumba

President w’Uburundi Pierre Nkurunziza, yaragendeye Washington DC avuye mu ntara zitandukanye zo muri reta zunze ubumwe za amerika, harimwo no mu gisagara ca New York, aho yari yitavye ibikorowa vy’’ishirahamwe mpuzamakungu.

Igihe yari I Washington, yarahaye ikiganiro iradiyo Ijwi rya Amerika ku bibazo bitari bike bihanze Uburundi mur’iki gihe, birimwo ikibazo c’umutekano muke, hamwe n’ubwicanyi bwabaye ndanse; ikibazo c’ibiganiro n’abanyapolitike batavuga rumwe na reta; ikibazo ca ruswa, ubutungane hamwe n’ibindi.

Mur’iki gice ca mbere tugiye kubashikiriza, president Pierre Nkurunziza aravuga ku vyerekeye itohozwa ry’ubwicanyi bwabereye mu Gatumba hamwe n’itohozwa ririko rirakorwa: Ido n’ido y’ico kiganiro, tuzoyibashikiriza mu kiganiro Dusangire Ijambo, kur’uyu musi wa mungu.

XS
SM
MD
LG