Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza uno munsi yuguruje ku mugaragara ihuriro ry’ugrwaruka ku gwego gw’igihugu. Iryo hururo rizomara imisi itatu mu ntara ya Gitega aho ugwaruka 350 gwaserukiye urundi mu makomine yose y’uburundi urwaruuko ruzonka inyigisho zo gukunda igihugu no kwirinda kujana nyabahururu.
Mu kwugurura iyo nama Petero Nkurunziza yagarutse ku kamaro k’ishure shingiro aho yavuze ko inyigisho z’abakoroni zari zarataye igihe. Ku bavuga nabi uwo mugambi w’ishure shingiro ngo nabize ku gihe c’abakoroni batazi ko amase yak era atagihoma urutaro.
Ku bwa Petero Nkurunziza akazi mu Burundi karakenye nico gituma badakwiye gusuzugura akazi akariko kose ngo karagayitse.
Yavuze ko hari n’ibihugu biriko bisaba abakozi b’Abarundi ati imbibe ziruguruye ntibitinye kuja mumahanga gukorayo.
Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika mu ntara ya Gitega mu Burundi Fidele d'Antoine Nsabimana ni we yakurikiranye iyi nkuru.