Uko wahagera

Politike yo muri Uganda


Politike yo muri Uganda
Politike yo muri Uganda

Abapolisi bo mu gihugu ca Uganda ejo barakikuje inzu ibamwo umutegetsi atavuga rumwe na reta Kizza Besigye, yafashwe agapfungwa akatari gake mu ntango z’ uyu mwaka kubera yararongoye imyiyerekano y’ abanyagihugu bariko biyamiriza iduzwa ry’ ibiciro muri Uganda.

Abategetsi bo mu mugambwe mukuru utavuga rumwe na reta bavuga ko abapolisi bakikuje inzu ya Besigye I kampala ejo kuwa mbere kare mu gitondo, baca barazibira inzira zishika kur’ iyo nzu.

Igipolisi ca Uganda nta nsiguro kiratanga kur’ ivyo vyabaye.

Mu kwezi kwa kane mur’ uyu mwaka, abapolisi barafashe barafunga agahika kane Kizza Besigye igihe yararongoye imyiyerekano y’ abanyagihugu bariko biyamirizwa iduzwa ry’ ibiciro.

Kw’ igenekerezo rya 28 z’ ukwezi kwa kane, abapolisi ba Uganda baramenaguye n’ ibiyo vy’ umuduga Besigye yarimwo, baratera mur’ uwo muduga imyuka ibabaza mu maso, baca bamukuru mur’ uwo muduga ku nguvu.

Abashikirizamanza ba reta begetse kuri Kizza Besigye ivyaha vy’ uko yakokeje abantu ngo bagumuke,kandi ko yanse kwubahiriza amategeteko y ‘abapolisi. Mu ndwi iheze, ivyo vyagirizo bikaba vyarafuswe kubera sentare yavuze ko ata vyemezo biriho vy’ uko Besigye yakoze ivyo yagirizwa.

XS
SM
MD
LG