Uko wahagera

Polisi ya Zimbabwe Yaburijemwo Imyiyerekano


Abari mu myiyerekano
Abari mu myiyerekano

Mu gihugu ca Zimbabwe, abapolisi baburijwemwo imyiyerekano y’abakozi basaba kwongerwa umushahara.

Ivyo bibaye umusi umwe inyuma y’aho abaganga bariko baragira imyiyerekano yo gusaba kwongerwa umushahara bakuriwe mu kazi.

Muri izi ndwi ziheze, imyiyerekano yarabaye urutavanako muri Zimbabwe kubera ubutunzi buguma busubira inyuma.

Abapolisi bitwaje ibihiri, batangiriye abariko bagira imyiyerekano banababuza kuva mu kibanza bari bakoraniyemwo ku murwa mukuru Harare.

Abantu isinzi bari bitavye iyo myiyerekano, kandi bari bafise umugambi wo gucumbika ku biro bitandukanye vya reta, aho vyari bitegekanijwe ko bashikiriza urwandiko ruriko urutonde rw’ibintu basaba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG