Uko wahagera

Polisi ya Nijeriya Yatabaye Abana b'Abigeme 19


Ikarata ya Nijeriya

Polisi muri Nijeriya yatangaje ko yabohoje abana b’abigeme 19 bibungeze n’abana b'inzoya bane bari begeranirijwe mu nzu bivugwa ko begeranirizwamwo imbere yo kudandazwa.

Umuvugizi wa polisi muri ico gihugu, Bala Elkana, yemeje ko abigeme batabawe bafise hagati y’imyaka 19 na 28. Abatabawe babwiye polisi ko bavanywe mu mihana yabo bemerewe ubuzi. Hari n’abandi yamara bazanwa bazi ikibarindiriye.

Polisi ya Nijeriya ibandanya isigura ko abigeme n’inzoya badandazwa amafaranga y'ama nairas akoreshwa muri ico gihugu 300.000, ni kuvuga ama Euros 760, abasore n’abagabo nabo bakadandazwa ama Euros 1.256.

Bala Elkana yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, ko kugera ino saha bitaramenyekana aho abegeranirizwa mu bibanza bitatu birimwo ihoteri imwe bajanwa kudandazwa, uwabagura n’ico yabagurira.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko urudandazwa rw’abantu ruza ubwa gatatu mu vyaha bigwiriye muri Nijeriya, inyuma y’amanyanga mu kunyuruza amafaranga no kudandaza ibiyayura mutwe.

Igice kinini c’ubumanuko bwa Nijeriya kivugwamwo amavuriro yakira abakenyezi bibungeze atemewe n’amategeko ahurumbirwa n’abigeme batwara inda batifuje bakaja kwihishayo. Akenshi abana bibarutse babadandaza mu miryango iba yifise ntishobore kuronka ibibondo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG