Uko wahagera

Polisi ya Nijeriya Yarashe Ivyuka Abiyerekanye Bayiyamiriza


Bamwe mu bakoze imyiyerekano.
Bamwe mu bakoze imyiyerekano.

Igipolisi muri Nijeriya uno musi ku wa gatatu carashe imyuka ibabaza mu maso mu bantu bari mu myiyerekano mu gisagara ca Lagos. Vyabaye igihe cariko kigerageza gushwiragiza abantu amajana n'amajana bari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ubunyamaswa bw'igipolisi.

Igihe abari mu myiyerekano y’ukwibuka ivyabaye mu kwezi kw’icumi mu mwaka uheze w’i 2020 bariko barahunga, umupolisi yarashe umwe mu bari bayirimo igihe yariko agerageza kumuhagarika. Abantu 4 bahagaritswe mu ntango y’iyo myiyerekano.

Ubunyamaswa bw’igipolisi bwaratse indaro muri Nijeriya, aho kenshi gikandamiza abanyagihugu baba bariko biyamiriza ububisha bwabo. Mu misi y’imbere y’imyiyerekano y’uno musi ku wa gatatu, igipolisi caragabishije abagira imyiyerekano kutagira amakoraniro ayariyo yose. Caragabishije ko kizohagarika uwo ari we wese azoca kubiri n’amategeko.

Abari mu myiyerekano bagenda baririmba indirimbo zisaba abategetsi kubona ko ubutungane bwubahirijwe ku bantu bavuga ko bahagaritswe hamwe n’abishwe n’inteko zijejwe umutekano mu mwaka uheze.

Haheze umwaka, abantu ibihumbi n’ibihumbi bakoze imyiyerekano muri ico gihugu mu ntumbero y’ukwiyamiriza inyifato y’ubunyamaswa yerekanywe n’igipolisi kidasanzwe cari kijejwe kurwanya abusuma mu gihugu. Ico gipolisi carasambuwe muri iki gihe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG