Uko wahagera

Polisi y'Uburundi Yishe Irashe 4 Bari mu Kiyaga Tanganyika


Kimwe mu gice c'ikiyaga Tanganyika
Kimwe mu gice c'ikiyaga Tanganyika

Abantu 4 bishwe mu kigaya ca Tanganyika ku ruhande rw’intara ya Rumonge mu bumanuko bw’Uburundi, mu gitondo co kuri uyu wa kabiri. Igisirikare gikorera mu mazi gicungera ikiyaga ca Tanganyika cabwiye abamenyeshamakuru ko catabajwe n’abarovyi mu mutwenzi wo kuri uyu wa kabiri.

Gisigura ko abarovyi bari babonye umugwi w’abantu bitwaje ibirwanisho ubateye amakenga, uri mu bwato butoya, mu karere k’amazi ya Minago mu Ntara ya Rumonge mu Bumanuko bw’igihugu.

Igisirikare cemeje ko cahavuye gitana mu mitwe, giterana amasasu n’uwo mugwi. Itangazo rito igisirikare gikorera mu mazi cashize ahabona, cerekanye ko cishe kirashe abantu 2 mu bari muri ubwo bwato, abandi 2 basoma nturi, bicwa n’amazi.

Abajejwe intwaro mu Ntara ya Rumonge bemeza ko ico gice kimaze iminsi kibangamiwe n’abasuma bazanana ku ruhande rwa Republika ya Demokarasi ya Kongo. Bulamatari w’iyo Ntara, Consolateur Nitunga arahumuriza abarovyi, akamenyesha ko abajejwe Intwaro, igipolisi n’igisirikare vyahagurukiye ico kibazo c’ubusuma n’ubugizi bwa nabi mu kiyaga ca Tanganyika.

Bulamatari wa Rumonge yikeka ko abo bishwe bari muri abo basuma bamaze iminsi bagiteje isibe mu kiyaga ca Tanganyika. Igipolisi n’igisirikare cerekanye ibirwanisho cavuze ko vyafatanywe abo bagizi ba nabi.

Muri ivyo harimwo inkoho 2 n’amasasu yazo, ibibombe 2 n’inkoho izitera, igitoro n’imoteri y’ubwato. Abarovyi basabwa gutanga inkuru hakiri kare mu gihe babonye ikintu ico ari co cose kibateye amakenga

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG