Uko wahagera

Polisi y'Ubufaransa mw'Isaka ry' Amazu y'Abakekwa ko Iterabwoba


Bamwe mu bapolisi b'Ubufaransa
Bamwe mu bapolisi b'Ubufaransa

Igipolisi c'Ubufransa cagiye gusaka amazu y'abikekwa ko ari ntagondwa z'abayislamu. Ivyo vyabaye inyuma yuko uwikekwa ko ari intagondwa y’umuyislamu iciye umutwe Samuel Paty, umwigisha yari yeretse abanyeshule amasanamu y’intumwa Mohammed.

Bamwe mu bariko barasambishwa bavurwa ko bashize ubutumwa ku mbuga ngurukanabumenyi bw’ugushigikira uwamwishe. Uwikekwa ko yishe Paty yarashwe n’igipolisi ku musi wa gatanu inyuma y’igitero cabereye hafi y’ishule yigishako. Iryo shule iri ahitwa, Conflans-Sainte-Honorine igice co mu buraruko bushira uburengero bw’umurwa mukuru, Paris.

Uno musi ku wa mbere, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu Bufransa, Gerald Darmanin, yatangaje ko igikorwa c’abapolisi c’ugusaka amazu y’abikekwa ko ari intagondwa z’abayislamu catanze ubutumwa ko ata gahengwe abansi b’igihugu bazoronka. Vyitezwe ko ico gikorwa kizobandanya muri iyi ndwi yose.

Amenyesha ko abantu bose baronderwa muri ico gikorwa batari mu matohoza ku vyerekeye urupfu rwa Samauel Paty. Reta y’Ubufransa itangaza kandi ko iriko itohoza amashirahamwe y’abayislamu 51.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG