Uko wahagera

Pfizer Igiye Gutanga Incanco za Covid-19 mu Bihugu Bikenye


Sosiyete ikora imiti, Pfizer itegekanya gutanga ibipimo vy’incandago imiliyoni 40 z'ukwikingira ikiza ca Covid-19 zigenewe ibihugu bikenye. Sosiyete Pfizer yemeye uno musi ku wa gatanu gutanga izo ncandago muri uyu mwaka mu kigoro gashigikiwe n’ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS k’ugutuma ibihugu bikenye bishobora kuronsa izo ncandago abanyagihugu bavyo.

Ivyo bizokomeza umugambi w’ukurwanya ikiza ca Covid-19 mu makungu. Gushika ubu ibihugu bitunze nivyo bimaze kuronka incandago nka zose zimaze gutangwa. Ni intambwe ikomeye kubera sosiyete, Pfizer n’isosiyete bikorana BioNTech ariyo yarekuriwe ubwa mbere n’ikigo gikomeye ca Amerika kijejwe kurekurira ibifungurwa n’imiti gukoreshwa, “US Food and Drug Administration” hagati mu kwezi kw’icumi na kabiri kw’umwaka urangiye w’i 2020.

Imbere yuko sosiyete, Pfizer itangaza uwo mugambi wayo, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus yaranebaguye amasosiyete akora imiti mu kuvuga ko ashira imbere inyungu ku bijanye n’ikiza ca Covid-19 kandi ariko aha cane cane incandago ibihugu bitunze.

Ibipimo vy’incandago imiliyoni 40, bisaba ko zitangwa incuro 2 ni nkeyi umuntu aravye ibikenewe ku bantu imiliyaridi n’imiliyaridi bari mu bihugu bikenye vyo kw’isi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG