Uko wahagera

Perezida wa Tanzaniya Magufuli Yipfuza Kwimurira Ibiro Vyiwe i Dodoma


Perezida John Pombe Magufuli wa Tanzaniya

Perezida wa Tanzaniya, John Pombe Magufuli yatangaje ko agiye kwimurira ibiro vyiwe mu gisagara ca Dodoma. Yasiguye ko ari mu ntumbero yo gushitsa ivyo yemereye Abanyetanzaniya mu 2015 yiyamamaza mu mwanya w’umukuru w’igihugu.

Kuva mu 1973, Dodoma gifatwa nk’igisagara ca politike naho inama nshingamateka ihakorera kuva mu 1996, bumwe mu bushikiranganji nabwo akaba ata n’imyaka ibiri irahera butanguye gukorerayo.

Amakuru ava mu biro vya perezida Magufuli yemeza ko Tanzaniya imaze kuronsa impusha ubuserukizi bw’ibihugu bitandukanye kugira vyubake ibiro vyabwo i Dodoma.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG