Uko wahagera

Perezida wa Mynamar Aracafungishijwe ic'Amaso Muhira Iwe


Madamu Aung San Suu Kyi atwara Mynamar
Madamu Aung San Suu Kyi atwara Mynamar

Abasirikare batembagaje ubutegetsi muri Myanmar ntibabaye bakirekura Aung Sang Suu Kyi arongoye ico gihugu kuri uno wa mbere nkuko vyari bitegekanijwe. Uwumuburanira yemeje ano makuru avuga ko ashobora kurekurwa ku munsi wa gatatu.

Uwu mupfasoni yafashwe haraheze indwi zibiri afungishijwe ic'amaso ku muhana wiwe uri ku murwa mukuru, Naypyitaw. Abahiritse ubutegetsi bamwagirije ko yari atunze amaradiyo atangigwako amakuru ya gisirikare atavyemerewe n’amategeko.

Hagati aho, imyiyerekano y’abasaba irekurwa ryiwe yasubiye kuba mu mihingo itandukanye y’igihugu. Ni imyiyerekano yabaye mu gihe abasirikare bari bakajije umutekano mu bisagara binini. Interneti kuva ejo mw’ijoro yaraciwe mu gihugu cose.

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, yongeye kuvuga ko arajwe ishinga n’ibiriko bibera muri Myanmar. Mw’itangazo umuvugizi w’uwo mutegetsi yasohoye ejo kuwa Mungu, yateye ivyatsi inguvu n’iterabwoba “biriko bikoreshwa n’igisirikare ku biyerekana”, yongera asaba iyubahirizwa ry’uburenganzira bwo gishikiriza ivyiyumviro biciye mu myiyerekano.

Ku rundi ruhande, ubuserukizi bwa Amerika muri ico gihugu, ubwa Canada n’ubw’ibihugu 12 vyo mu muryango w’Ubumwe bwa Buraya bwavuze ko buri ku ruhande rw’abanyagihugu babandanya gusaba irekurwa ry’indongozi bitoreye. Ubwo buserukizi bwaneguye ico bwise ifungwa ry’indongozi za Myanmar zemewe n’amategeko, abaharanira agateka ka zina muntu n’ihohoterwa bwavuze ko rikorerwa abamenyeshamakuru. Bwiyamirije kandi icibwa rya interneti.

Jenerali Min Aung Hlaing yari arongoye abatembagaje ubutegetsi mu butumwa yacishije ku mboneshakure y’igihugu mu ndwi iheze, yavuze ko ikigiye gukurikira ari itunganywa ry’ayandi matora. Ntiyatomoye yamara ryari ayo matora yavuze ko azoba mu muco na demokarasi azoba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG