Uko wahagera

Perezida wa Misiri Abdel-Fattah el-Sissi mu Rugendo mu Bufaransa


Perezida Abdel Fattah el-Sissi
Perezida Abdel Fattah el-Sissi

Prezida wa Misiri, Abdel-Fattah el-Sissi, ari mu rugendo mu gihugu c'Ubufransa. Yabonanye uno musi ku wa mbere na prezida w’Ubufransa, Emmanuel Macron mu biganiro ku vyerekeye kurwanya iterabwoba, intambara muri Libiya n’ibindi bibazo biri mu karere.

Urwo rugendo rubaye mu gihe amashirahamwe aharanira agateka ka muntu anebagura inyifato yiwe ku bijanye n’agateka ka muntu mu gihugu ciwe. Ayo mashirahamwe avuga ko akandamiza abatavuga rumwe na Reta.

Prezida w’Ubufransa, Emmanuel Macron yakiye Prezida el-Sissi mu biro vyiwe. Vyari vyitezwe ko yerekana impungenge ziwe ku bijanye n’agateka ka muntu. Prezida el-Sissi yarakandamije bikomeye abamunebagura, yarapfunze abaharanira demokrasi batari bake, arasubiza inyuma ubwigenge bwari bwashitsweko mu mugumuko w’abanyagihugu wari wabaye mu mwaka w’i 2011.

Yaranumije abamunebagura yongera afatira ingingo zikomenye cane amashirahamwe aharanira agateka ka muntu. Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu arenga 20 yiyamirije ugukorana hagati y’Ubufransa na Misiri mu gihe ico gihugu kiriko gikoresha amategeko y’ukurwanya iterabwoba mu ntumbero y’ukuzimanganya ibikorwa ngirakamaro vy’amashirahanwe aharanira agateka ka muntu hamwe n’ukugeramira bikomeye abatavuga rumwe na Reta.

Prezida Sissi avuga ko ingingo zikomeye yafashe zikenewe mu ntumbero y’ukwubahiriza umutekano mu gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG