Perezida wa Irani, Hassan Rouhani yasavye irekurwa ry’abantu bahagaritswe bari mu myiyerekano iherutse kuba y’ukwiyamiriza ukwiyongera gukomeye kw’ibiciro vy’ibitoro.
Asaba ko abo bantu borekurwa mu gihe ata birwanisho boba bari bitwaje kandi boba bariko bashikiriza ivyiyumviro vyabo. Ivyo Prezida Rouhani yabivuze mw’ijambo yashikirije kuri televiziyo uno musi ku wa gatatu.
Imyiyerekano yaradutse kw’italiki 15 z’ukwezi kw’icumi na rimwe inyuma yuko Reta itangaje ingingo y’ukwongereza bikomeye ibiciro vy’ibitoro. Yamara iyo myiyerekano yarahagaritswe mu buryo bwihuta n’inteko zijejwe umutekano. Izo nteko zaraziririje ikoreshwa ry’imbuga ngurukanabumenyi mu kiringo kigera ku ndwi.
Mu ntango z’iyi ndwi, ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, Amnesty International ryatangaje ko abantu bagera ku 208 bishwe igihe inguvu z’umurengera zakoreshwa ku bari mu myiyerekano.
Umuvugizi w’igisata c’ubutungane muri Irani, Gholamhossein Esmaili yariyamirije ico gitigiri c’abishwe mu myiyerekano yabaye kw’italiki 3 z’ukwezi kw’icumi na kabiri. Yavuze ko ari ibinyoma vyambaye ubusa.
Kw’italiki 3 z’ukwezi kw’icumi na kabiri, Prezida Rouhani yategetse itohoza ku gashumbusho gashobora guhabwa abasivile batakaje ibintu igihe imyiyerekano yaba.
Facebook Forum