Uko wahagera

Amatohoza Yotuma Prezida wa Amerika Donald Trump Yeguzwa


Perezida Donald Trump wa Amerika
Perezida Donald Trump wa Amerika

Umurwi ujejwe ivy’ubutungane mu nama nshingateka ya Amerika kuri uno wa kane vyitezwe ko uza gutora ingingo ishobora gutanguza umugambi wo kweguza Perezida wa Amerika Donald Trump. Ivyo biciye mu matohoza yimbitse azokorwa hisunzwe amategeko.

Iyo ngingo ikaramuka yemejwe, umukuru w’uwo murwi azoba afise ububasha bwo gutanguza imibonano n’impande zitandukanye mu ntumbero yo gutororokanya amakuru yose ashobora gufasha kwerekena amategeko yo kweguza Trump.

Muri iyo mibonano, abatangabuhamya bazoshobora kwumvirizwa umwanya muremure gusumba uko vyahora. Ababuranira Trump ku ruhande rwabo bazoba bafise ububasha bwo gutanga inyishu ku vyagiriji bizoba vyatanzwe ariko bakabicisha mu nyandiko.

Kugira Trump yeguzwe bizosaba ko vyemezwa n’inama nshingamateka kumwe na nkenguzamateka. Abakurikiranira hagufi politike ya Amerika bavuga yamara ko abakenguzamateka bo mu mugambwe w’Abarepublika Trump akomokamwo bashobora kuba intambamyi ku mugambi wo kumweguza.

Amatohoza yo kuraba nimba Prezida Trump yokweguzwa canke atokweguzwa azoshimikira cane ku ruhara yoba yaragize mu kuburizamwo amatohoza y’ukwivanga Uburusiya bwoba bwaragize mu matora yo mu 2016. Azoshimikira kandi ku bifuka munwa yoba yaragiye aratanga kugira azivye ukuri gutandukanye ku vyagiriji vyari gutuma atakaza amanota igihe yariko ariyamamaza n’ibindi birimwo amanyanga mu gutanga amatagisi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG