Uko wahagera

Perezida w'Uburundi Azokurikirana Inama ya EAC kuri COVID19?


Bamwe mu bategetsi ba EAC mu nama yabo ya 19
Bamwe mu bategetsi ba EAC mu nama yabo ya 19

Abakuru b'ibihugu b'umuryango wa Afurika y'ubuseruko, EAC, batumweko mu nama yihuta ku kiza ca virusi ya Corona.

Amakuru Ijwi ry'Amerika ifise ni uko iyi nama idasanzwe yateguwe mw’ibanga ntangere. Ico bikoze, umunyamakuru wa VOA yakubise ijisho urwandiko ruhamagaza iyo nama, itegekanijwe kuba kuri uyu wa gatatu italike 15 z’uku kwezi kwa kane, isaha zitanu z’umurango, amasaha y’i Kigali mu Rwanda nk’uko biri mu butumire.

Ubwo butumire bwashizweko umukono n’umushikiranganji w’Ububanyi n’Amahanga w’u Rwanda, Dr Vincent Biruta, akaba n’umuyobozi w’akanama k’abashikiranganji ka EAC. Yatumwe n’umukuru w’igihugu ciwe Paul Kagame kuko ari na we atwara uwo muryango uyu mwaka.

Ubutumire buvuga ko iyi nama izokorwa mu buryo bw’ikoranabuhanga ry’amasanamu bita "Vidéo Conférence" mu gifaransa. Abakuru b’ibihugu vya EAC, bazoba barongowe na Paul Kagame, bifuza kurondera uburyo bwo guhagarika akaranda k’umugera wa Corona kandi batabangamiye uruja n’uruza rw’ibidandazwa, cane cane muri aka karere.

Amakuru dufise avuga ko bazorabira hamwe n’ingene botizanya abaganga canke ibikoresho vyo kuvura uwo mugera. Iyi nama ikurikiye kandi iyahuje abashikiranganji b’amagara y’abantu muri EAC n’abandi nk’abajejwe urudandazwa n’ibindi bikorwa vy’umuryango yabaye mu kwezi guheze. Na yo nyene yabaye mu buryo bw’ikoranabuhanga ry’amasanamu, irongowe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu w’u Rwanda, Dr Ngamije Daniel.

Ico gihe hafashe ingingo 12 zirimwo ko buri gihugu mu bigize EAC gishiraho akato k’iminsi 14 ku wucinjiyemwo kandi kigapima buri wese acinjiyemwo mu rwego rwo kwirinda ko ico kiza kibandanya kuzanwa n’abakora ingendo zo mu mahanga. Ku bw’abo, EAC izibiye hirya no hino, uwo muryango vyokoroha ko uhangana n’abamaze kumeneykana ko banduye gusa.

Abo bashikiranganji bemeje ko n’uruja n’uruza rw’ibiribwa rworoherezwa hamwe n’imiti. Ibihugu bigize EAC vyasabwe kuja birorohereza amakamyo n’imodoka zitwaye ibidandazwa cane cane ibiribwa, ndetse bigashiraho uburyo bwo gusuzuma ababitwaye ku mipaka ko batinjirana umugera wa Corona.

N’aho biri uko, iyi ngingo ntiyubahirijwe kuko mu mpera z’ukwezi guheze nyene, Uburundi bwankiye ku mipaka yose amakamyo avuye mu Rwanda afise ibidandazwa. Ntivyatevye, u Rwanda na rwo rwaciye kwankira amakamyo yari avuye mu Buganda no muri Kenya, guca ku butaka bw’u Rwanda kugira asihke mu Burundi. Yazibiriwe ku mupaka wa Gatuna uhuza u Rwanda n’Ubuganda.

U Rwanda rwaciye rurungikira urwandiko Kenya n’Ubuganda, ruvuga ko ivyo bihugu bitosubira kureka amakanyo aja mu Burundi kuko atacemerewe guca ku butaka bw’u Rwanda.

Umuhinga mu vy’ubutunzi atashimye ko VOA imuvuga amazima, avuga ko ico kibazo ari co nkwezi y’amarere, coba gitumye abakuru b’ibihugu bahaguruka kugira bagikemure.

Uwo muhinga avuga ko hamwe ibiribwa bidahawe uburenganzira bwo kurengana ata nkomanzi hari ibihugu bimwe bimwe vyogira inzara nyinshi kuko umwimbu utagenze neza.

Yamara, uwo muhinga anashimangira ko abashoferi batwara ayo ma kamyo babwirizwa kurabirwa hagufi. Afatira ku murwayi w’umugera wa Corona aheruka kwibonekeza muri Tanzaniya avuye mu Burundi nk’uko, Ummy Mwalimu, umushikiranganji wa Tanzaniya ajejwe amagara y’abantu yabishikirije.

Ico gihe ibi vyateye amakenga abatari bake ko uwo mushoferi yoba yarabonanye n’abantu batari bake imbere y’uko asohoka Uburundi aciye ku mupaka wa Kobero i Muyinga. Bakibaza ko yoba yarasize ako karanda mu gihugu.

Gusa, umushikiranganji w’amagara y’abantu mu Burundi, Dr Thade Ndikumana yavuze ko batanguye kurondera aho hose yaciye n’abo vyabonanye. Yanahumurije ibindi bihugu vyo mu karere vyibaza ko igihugu ciwe ari co kitagira ibikoresho vyo gupima Covid-19 gusa.

Igisata co kumeneysha amakuru ca EAC cemeye ko ibihugu vyose bizokwitaba iyo nama idasanzwe y’abakuru b’ibihugu. Gusa, nticatomoye nimba abakuru b’ibihugu ubwabo, Paul Kagame w’u Rwanda, Petero Nkurunziza w’Uburundi, Uhuru Kenyatta wa Kenya, Yoweri Museveni w’Ubuganda, John Pombe Magufuli wa Tanzaniya, na Salva Kiir wa Sudani y’Epfo, ari bo bazokwitaba iyo nama amaso mu yandi.

Ni vyaba ari vyo, Petero Nkurunziza w’Uburundi, azoba asubiriye kuganira na bagenzi we baherukana mu myaka 5 iheze, kuko ubwanyuma bicaranye mu nama hari mu mwaka w’2015, i Dar salaam muri Tanzaniye, aho yataha asanga abansi biwe bagira bamutembagaze ku butegetsi.

Ibihugu vyose vya EAC uko ari 6 vyarabonetsemwo abarwayi b’umugera wa Corona. Gushika aho twategura iyi nkuru, hari hamaze kumenyekana abarenga 440.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG