Uko wahagera

Perezida w'Uburundi Ahamagarirwa Gutangura Kwitaba Amanama Mpuzamakungu


Stéphane Gruenberg aserukira Ubufaransa mu Burundi kumwe na Perezida Ndayishimiye w'Uburundi.
Stéphane Gruenberg aserukira Ubufaransa mu Burundi kumwe na Perezida Ndayishimiye w'Uburundi.

Bamwe mu baserukira ibihugu biri mw'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya mu Burundi batumirira umukuru w'igihugu mushasha Evariste Ndayishimiye kwitabira amanama mpuzamakungu kugira anagure imigenderanire n'ibindi bihugu yatosekaye kuva muri 2015.

Perezida Ndayishimiye yabishuye ko akeneye imigenderanire Abarundi bungukiramwo kandi irimwo uburinganire ata witwa mukuru na muto arimwo. Kuri uyu wa mbere, ku kirimba ciwe i Gitega, umukuru w'igihugu yari yakiriye abo ba ambasaderi, abasenyeri b'ishengero rya Anglikani hamwe n'abahoze ari abakuru b'igihugu Sylvestre Ntibantunganya na Domitien Ndayizeye.

Aba ambasaderi bakiriwe na Perezida Evariste Ndayishimiye kuri uyu wa mbere ni abaserukira ibihugu vy’Ubufaransa, Ubudagi n’Ububiligi hamwe n’uwuserukira ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Bulaya mu Burundi. Naho basanzwe bakorera ku mugwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura, umukuru w’igihugu yabahereye umubonano ku kirimba co ku mugwa mukuru Gitega.

Imigenderanire hagati y’ubumwe bwa Bualaya n’Uburundi yunyutse kuva mu mwaka w’I 2015. Ico gihe nyakwigendera Pierre Nkurunziza yitoreje ikindi kiringo cateye impari. Uwo muryango wavuze ko imyiyerekano yo kuciyamiriza yaburijwemwo habaye ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu uca uhagarika imfashanyo waha Reta y’Uburundi biciye mu masezerano ya Cotonou.

Incuro zitari nke, abategetsi b’Uburundi harimwo Albert Shingiro yahora aserukria Uburundi muri ONU ubu akaba ari umushikiranganji ajejwe imigenderanire bariyamirije iyo ngingo bavuga ko ari iy’agahotoro kandi ko abayifashe bagiye ku mohe y’abansi b’igihugu.

Amakungu Asaba Iki Perezida w'Uburundi?
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:09 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG