Uko wahagera

Perezida w'Afurika y'Epfo Ramaphosa nta COVID19 Bamusanganye


Perezida Cyril Ramaphosa wa Afrika y'Epfo

Ibiro vya prezida w’igihugu ca Afurika y’Epfo vyatangaje kuri uyu wa kane ko Perezida Cyril Ramaphosa yipimishije umugera wa Corona ku musi wa kabiri w’iyi ndwi.

Ivyavuye mu gipimo bikaba vyerekanye ko adafise uwo mugera. Hari amasaha makeyi imbere yuko Reta ifata ingingo y’ugutegeka abanyagihugu kuguma mu ngo zabo kubera ikiza c’umugera wa Corona.

Itangazo ry’ibiro vya prezida ryamenyesheje ko yipimishije mu ntumbero y’ukwirinda kwandura uwo mugera. Ingingo y’ukwipimisha yayifashe akwirikije impanuro abaganga bamuhaye ku musi wa kabiri, italiki 24 z’ukwezi kwa gatatu. Yaronse inyishu ku gipimo ciwe mw’ijoro ry’eyo ku musi wa gatatu.

Abantu 709 baramaze kwemezwa icese ko bafise umugera wa Corona muri Afrika y’epfo. Yamara gushika ubu nta muntu n'umwe arahitanwa n’uwo mugera.

Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu muri Afrika y’epfo, Zweli Mkhize yaragabishije ko vyitezwe ko ibitigiri vy’abandura umugera wa Corona bizobandanya vyiyongera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG