Uko wahagera

Perezida Vladimir Putin Yakeje Joe Biden ku Ntsinzi Yatahukanye

Joe Biden akora mu ntoke za Vladimir Putin, mu mwaka wa 2011 bose bari ku mwanya wa Visi Perezida mu bihugu byabo by'Amerika n'Uburusiya
Joe Biden akora mu ntoke za Vladimir Putin, mu mwaka wa 2011 bose bari ku mwanya wa Visi Perezida mu bihugu byabo by'Amerika n'Uburusiya

Abategetsi b’Uburusiya bari batangaje imbere yaho ko Prezida Putin azokwirinda gukeza Joe Biden gushika uwatsinze yemejwe icese.

Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin yakeje Joe Biden ku ntsinzi yatahukanye mu matora ya prezida muri Reta zunze ubumwe za Amerika.

Ubutumwa bw’ukumukeza buje umusi umwe inyuma y’uko intumwa ziserukira abatora mu mareta atandukanye agize Amerika zemeje Joe Biden kuba umuprezida azokwirikira.

Izo ntumwa zemeje intsinzi yiwe y’amatora yo mu kwezi kw’icumi na rimwe.

Abategetsi b’Uburusiya bari batangaje imbere yaho ko Prezida Putin azokwirinda gukeza Joe Biden gushika uwatsinze yemejwe icese.

Mu butumwa bwiwe, Putin yifurije Biden umugisha. Yerekanye icizere ko Uburusiya na Amerika bishobora gufasha gutorera inyishu ibibazo bitari bike bihanze amakungu muri iki gihe naho ivyo bihugu vyompi bifise ibintu bitari bike bitumvikanako.

Prezida Putin yatangaje ko ugukorana hagati y’igihugu ciwe na Amerika bafatiye ku kwubahana n’uburinganire hagayi y’ivyo bihugu, bizogirira akamaro abanyagihugu bavyo n’amakungu.

Atangaza ko yiteguriye kuganira na Joe Biden.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG