Uko wahagera

Perezida Uhuru Kenyattta wa Kenya Yarahiriye Ikindi Kiringo


Perezida Uhuru Kenyatta mu mihango yo kumurahiza
Perezida Uhuru Kenyatta mu mihango yo kumurahiza

Kuri uno musi wa kabiri, umukuru w’igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta yarahiye icese mu mabanga y’umukuru w’igihugu ikindi kiringo. Ni inyuma yaho habereye ukutumvikana kwavuye mu matora yabaye mu kwezi kwa munani sentare ntahinyuzwa ya Kenya itesheje agaciro ivyavuye muri ayo matora.

Isinzi ry’abantu bashika ku bihumbi mirongo itandatu bari buzuye urubuga rw’imikino rwa Kasarini i Nairobi aho ibirori vyabereye. Imbere yuko bitangura, igipolisi cateye ivyuka bibaba mu maso mu gutangira abatari bake bariko bagerageza kwinjira muri ico kibanza ku nguvu.

Ako kanya nyene, igipolisi mu kandi karere k’igisagara ca Nairobi cariko gitera ivyuka vyokera mu maso abantu bashigikiye umu candida atavuga rumwe n’ubutegetsi Raila Odinga, aho bariko bitegurira kugira imyiyerekano yo kwibuka abantu baguye mw’itana mu mitwe ryabaye hagati y’igipolisi n’abanyagihugu mubihe vy’amatora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG