Perezida mushasha wa Republika iharanira demokarasi ya Kongo, Felix Tshisekedi, yashitse ku murwa mukuru wa Kongo-Brazzaville.
Yakiriwe na Prezida Denis Sassou N’Guesso. Abo bategetsi babiri bagiranye ibiganiro vyo mu mwiherero.
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Kongo-Brazaville, Jean Claude Gakosso, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abanyamerika, “Associated Press” ko itorwa rya Tshisekedi ari akaryo k’ugukomeza imigenderanire hagati y’ibihugu byombi.
Gakosso yizeye ko imigambi y’ukwubaka ikiraro kizocako imodoka na gali za moshi ku ruzi Kongo, kizohuza imirwa mikuru y’ivyo bihugu bibiri, Brazaville na Kinshasa. Ibisagara vyegeranye cane kurusha ibindi kw’isi, kuko bitandukanijwe gusa n’uruzi Kongo.
Perezida Tshisekedi yaragendereye kandi igihugu ca Kenya, aho yatangaje ejo ko yipfuza ko igihugu ke cyakwinjira mu muryango w’ibihugu vy’Afrika yo mu buseruko. Mu ntango z’ino ndwi, Tshisekedi yari yagendereye igihugu ca Angola.
Facebook Forum